ordination

Diyoseze nkuru y’i Bujumbura yazindukanye urubanza rudasanzwe ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 25 myandagaro 2018, aho icariho ca Musenyeri mukuru, Anatole Ruberinyange yari aramutse ahimbaza yubire y’umwaka y’imyaka 25 amaze yatiwe mw’ibanga ry’ubusaserdoti.Ibirori vyahimbarijwe kw’iseminari ntoyi yo mu kanyosha, aho Musenyeri Ruberinyange yamaze umwanya muremure arangurira ubutumwa, imyaka 13 yose.

Urwo rubanza rukaba rwari rwitabwe n’abanyacubahiro batari bake uhereye kuri Musenyeri Mukuru arongoye diyoseze nkuru ya BUJUMBURA, Gervais Banshimiyubusa, Musenyeri Mukuru w’inararibonye Evariste Ngoyagoye, icegera c’Umwepisikopi w’i Bururi, uwuramutswa iyo seminari ntoyi, Louis Mbazumutima, padiri mukuru w’iparuwasi ya Munanira Anatole Ruberinyange avukamwo hamwe n’uwaserukiye abasangiye intahe na nyenurubanza, Simon Pierre Maurice Ciza, abaseserdoti benshi, abashingamateka, abakenguzamateka, n’abandi bajejwe amabanga atari make mu gihugu no muri ekleziya, cane cane imvukira za diyoseze nkuru ya Bujumbura.

Ivyo birori bikaba vyaranzwe n’akanyamunza ntangere aho abagiye barafata amajambo bose, bakengurukiye Imana ku ngabirano zidasanzwe babonye kandi bakibona muri uyo musavyi wayo.

Musenyeri Ruberinyange wewe yivugiye ko ubuzima abukesha Rugira ahandi ho ataco yomara atari Kristu amufashije. Icivugo ciwe ni « ndarengutse ngo ndangure ishaka ryawe » nk’uko Kristu yishuye Imana se.

Ku bwa Gervais Banshimiyebusa,kuvuga ko ataco amaze,ni ikimenyesto co ukwicisha bugufi. Yamenyesheje ko musenyeri Ruberinyange afise umutima witaho ibanga ajejwe, eka mbere ngo iyo aba atamugize icariho ciwe yari kuvaho amujeje ubwo butumwa.

Eka na musenyeri mukuru w’inararibonye yakeje musenyeri Ruberinyange aramukengurukira ku mutima wo kwitangira ibanga yamubonyemwo.

Imisa yatanguye isaha zine zirenga gatoyi bikaba vyarangiye samunani ibura.